Malawi: Icegera c’umukuru w’igihugu yahagaritswe yagirizwa igiturire

Icegera c'umukuru w'igihugu wa Malawi Saulos Chilima yashitse ku butegetsi mu 2020 ari kumwe n'umukuru w'igihugu Lazarus Chakwera

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Icegera c'umukuru w'igihugu wa Malawi Saulos Chilima yashitse ku butegetsi mu 2020 ari kumwe n'umukuru w'igihugu Lazarus Chakwera

Na Peter Jegwa

Lilongwe, Malawi

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Malawi Saulos Chilima yaraye ahagaritswe yagirizwa ko yariye amahera kugira ngo atange amasoko ya reta, nk’uko bivugwa n’ikigo c’igihugu kijejwe kurwanya igiturire.

Yagirizwa ko yahawe imiriyoni 280.000 z’amadorari y’Abanyamerika n’umurwizatunga w’Umwongereza, “hamwe n’utundi tuntu”, nk’uko biri mw’itangazo.

Imbere ya sentare ejo ku wa gatanu, Dr Chilima yahakanye ibiturire yagirizwa.

Yari amaze kwakwa amabanga mu kwa gatandatu igihe ibiro bijejwe kurwanya igiturire (Anti-Corruption Bureau) bimwagiriza ubwa mbere.

Ibi biro vyari vyasanze we, ari kumwe n’abandi bategetsi ba Malawi 83, baragiriraniye amasezerano yaranzwe na ruswa n’umurwizatunga w’Umwongereza, azwi kw’izina rya Zuneth Sattar.

Ubu aridegemvya abanje gutanga ingwati ariko yagirizwa ivyaha bitandatu, bukaba ari bwo bwa mbere icegera c’umukuru w’igihugu akiri mu mabanga aja mu bibazo nk’ibi muri Malawi.

Ejo ku wa gatanu mu gitondo, yararengukishijwe n’abajejwe kurwanya igiturire mu biro vyari bicungerewe bikomeye n’abajejwe umutekano. Igihe bagerageza kumurengutsa ubwa mbere, abanywanyi biwe baraganguye barabiburizamwo.  

Abanywanyi biwe basa n’abashamiranye n’abapolisi ejo ku wa gatanu igihe yari yinjiye muri sentare ku mugwa mukuru Lilongwe, nk’uko vyerekanwa na videwo y’itororokanirizo ry’amakuru Reuters yahawe n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Mu gihe Abanyamalawi bamwe babona ko ihagarikwa ryiwe ari ingingo ikomeye cane mu rugamba rwo kurwanya igiturire, abashigikiye Dr Chilima bavuga ko iki ari kimwe mu bigize uruhigi rwa poritike.

Sattar, umwongereza yavukiye muri Malawi, yari yahagaritswe mu Bwongereza mu kw’icumi kw’umwaka uheze akaba yararekuwe atanze ingwati.

Yagirizwa gukoresha ubucuti afitaniye n’abategetsi be n’abanyaporitike bo hejuru muri reta ya Malawi kugira ngo aronke amasoko.

Aya masoko afitaniye isano na vya bimodokari ntamenwa vyo kwunguruza abasirikare, imfungurwa, na vya bimodoka bitera amazi, nk’uko ikinyamakuru Financial Times cavyanditse mu kwa gatanu.

Satta arahakana ivyo yagirizwa vyose.

Dr Chilima yashitse ku butegetsi mu 2020 nk’uwiyamamarije hamwe na Perezida Lazarus Chakwera. Bava mu migambwe itandukanye ariko bishize hamwe mu runani kugira ngo batsinde uwari umukuru w’igihugu ico gihe, Peter Mutharika.

Icegera c’umukuru w’igihugu yarigeze kwiyamamariza ku rubuga rurwanya igiturire, aho yemereye abanyagihugu kurwanya ubunyonyezi muri reta bwari bumaze imyaka itari mike, yongere arwanye ubukene muri kino gihugu kiri mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi.

Mu 2021, icegera c’umukuru w’igihugu yasubiwemwo n’ikinyamakuru c’ikigo kijejwe kurwanya ibiturire avuga ati: "Igiturire gifise ubushobozi bwo gusambura igihugu n’abanyagihugu ku buryo ntasubirwamwo. Igiturire gifise ububasha bwo gutuma reta itakaza icizere mu banyagihugu”.

Mu mwaka uheze, Malawi yashizwe mu kibanza ca 110 kuri 180 mu kurya ibiturire mu cegeranyo c’ishirahamwe Transparency International.